Paul Kagame avuga ko ‘yizeye ko leta ya Ndayishimiye izobana neza’ n’Urwanda

0

Umukuru w’igihugu c’Urwanda ariwe Paul Kagame, yamenyesheje ko yizeye ko intwaro ya ndayishimiye Evariste izotuma haba imigenderanire myiza hagati y’Uburundi n’Urwanda.

Nk’uko ikinyamakuru co mu rwanda Flash Radio &TV kibishira ahabona, Paul Pagame avuga ko umugambi wiwe ari ‘ukubana neza n’ibihugu bibanyi’, kandi ko leta ya Ndayishimiye Evariste ‘izonywanisha ibihugu uko ari bibiri’ bisanzwe birabana ayingwe kuvba mu mwaka wa 2015.

Ivyo Paul Kagame abivuze inyuma yaho igisirake ciwe mu Rwanda kimenyesheje ko abantu bitwaje ibirwanisho bateye igihugu ciwe bavuye mu gihugu c’Uburundi bongera bahungira mu Burundi nyene.

Igisirikare c’Uburundi kikaba carahakanye ivyo cagirizwa na leta y’Urwanda ko hari abarundi bateye mu bumanuko bw’Urwanda ku ku musi wa gatandatu mu ndwi turangije.

Igihugu c’Urwanda kikaba kandi gisanzwe kidafitaniye imigenderanire myiza n’igihugu c’Ubuganda.