Igisirikare c’Urwanda kivuga ko hari abateye Urwanda bavuye i Burundi

0

Uyu musi wa 27 Ruheshi 2020 inyuma yaho Uburundi bushinguye uwahoze atwara Uburundi ariwe Petero Nkurunziza, igisirikare c’Urwanda camenyesheje ko hari abateye Urwanda bava mu gihugu c’Uburundi.

Nk’uko Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’igihugu c’Urwanda bubivuga mw’itangazo ryagiye ahabona uyu musi wa gatandatu, hari kuri uyu musi nyene isaha zitandatu z’ijoro n’iminota 20(00:20 AM) aho abitwaje ibirwanihso batamenyekanye bateye ipozisiyo ya gisirikare y’i Ruheru muri District ya Nyaruguru mu bumanuko bw’Urwanda.

Umuvugizi w’igisirikare c’Urwanda, Lt Col Innocent Munyengango, yamenyesheje ko igisirikare c’Urwanda caciye gihangana n’abo bateye maze baca bahungira mu gihugu c’Uburundi.

“Abari bitwaje ibirwanisho bateye bavuye mu Burundi kandi bahunze basubira mu Burundi maze basiga inyuma abo bari kumwe bane bapfuye harimwo ibikoresho vya gisirikare  nk’inkoho n’amaradiyo yo guhana amakuru”, niko Lt Col Innocent Munyengango yamenyesheje.

Lt Col Innocent Munyengango yabandanjije avuga ko batatu mu basirikare b’Urwanda bakomeretse gatoya kandi ko hazoba uguhana abagirizwa ico gikorwa co gutera ipozisiyo ya gisirikare y’Urwanda.

Lt Col Innocent Munyengango abandanya avuga ko intumbero y’abateye yari iyo kugiriria nabi ababa mu kigwati kiri ku kilometero kimwe uvuye ku mupaka w’Uburundi n’Urwanda.

N’ikigeretseko, Lt Col Innocent Munyengango avuga ko abateye baciye baca kuri pozisiyo y’igisoda c’Uburundi iri i Gihisi muri komine Bukinanyana, intara ya Cibitoki.

Naho leta ya Kagame Paul yavuze ko ishashaye kunagura imigenderanire na leta ya Ndayishimiye Evariste,biraboneka ko ibi bitero biza biraba bizotuma imigenderanire hagati y’ibihugu bisa n’ibivukana itanagurwa neza.