Pascal Nyabenda yatsinzwe mu matora y’Abakenguzamateka i Bubanza

0

Umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda, yatsinzwe bikomeye mu matora y’Abakenguzamateka mu ntara ya Bubanza asanzwe avukamwo.

Pascal Nyabenda yatsinzwe bidasanzwe n’umugambwe CNL wa Agathon Rwasa.

Pascal Nyabenda akaba yaronse amajwi make cane nk’1/4 c’amajwi ya CNL. CNL ikaba yaronse amajwi 81 kuri 26 ya Pascal Nyabenda.

Ivyo vyabaye cane vyatanganje gose abihweza ibintu muri politike y’Uburundi.

Abihweza ibintu babona ko kubona Nyabenda Pascal yatsinzwe mu matora yaho avuka biriko vyerekana ko ivyavuzwe ko yari yatanzwe n’umuhisi Petero Nkurunziza ko aba umukuru w’igihugu vyari vyo naho bamwe bamwe mu bajenero bakomeye bamwanse cane.

Abandi baribaza impamvu yatumye umugambwe wa CNDD-FDD ureka Pascal Nyabenda aratsindwa aho ‘kugahinyanyura’ nk’uko babivuga.

Bamwe bamwe baribaza ico Pascal Nyabenda agiye kuronka muri ‘reta mvyeyi’ ya Evariste Ndayishimiye.

Pascal Nyabenda yoba agiye kwigizwa inyuma ku rubuga rwa politike agakurikira umuhisi yari yamushize imbere?Nivyo guha akanya tukaraba ibibandanya biba kuri Pascal Nyabenda.

Abihweza ibindi bintu barabona ko abanya Bubanza bashatse ‘kwikurako vyihuta’ Pascal Nyabenda kubera yananiwe no kubasanurira ibarabara rya Bujumbura-Bubanza.