Isekeza ryo kurwanya coronavirus rirabandanya m’Uburundi

0

Ivyo bikaba vyashikirijwe na Dr Thaddée Ndikumana, umushikiranganji w’amagara y’abantu kur’uyu wa mbere aho yariko aratanga ivyigwa kubamenyeshamakuru kukungene isekeza ryitiriwe umuvyeyi n’umwana no kurwanya ikiza coronavirus rigiye gutangura ningene rigiye kugenda.

Abana bababa 6 000 000 afise hagati y’umwaka umwe n’imyaka 14 bakazoronswa umuti w’inzoka albendazole na vitamine A. Abakenyezi bibungenze nabo nyene bakazoronka uyo muti w’inzoka, ivyo bikazotuma inzoka nyinshi bagendana zibavamwo bakagira amagara meza. Ico gikorwa kikazobera kumitumba ingana

Hambavu yico gikorwa abaremesha kiyago bashika 12 000 barigishijwe inyigisho zo guhimiriza kuja kwamuganga gutora iyo miti no kwigisha kwirinda ikiza coronavirus. Muganga Thaddée Ndikumana kaba yaciye afatiraho akanya ko kumenyesha ingene isekeza Ndakira, Sinandura kandi Sinandukiza ryifashe inyuma y’indwi zibiri itanguye.

Abantu bashika 9975 baramaze gupimwa kuva aho ubwo bushikiranganji bwazanye ivyuma vyo gupima mu kwezi kwa gatatu 2020. 332 baramaze gutorwa iyo ngwara, 267 baramaze gukira iyo ngwara nayo abantu 66 bari kumusego, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bakavuga ko umuntu umwe gusa ariwe amaze guhitanwa n’uyo mugera coronavirus, naho bamwe bamwe bavuga ko ivyo atarivyo ko hari benshi imaze guhitana baba basanganywe izindi ngwara.