Hussein Radjabu yoba ashaka kuzanwa i Burundi

0

Uyo mugabo yahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD ukuva kurugamba akaba yahungiye mu gihugu ca Tanzania inyuma yo gutoroka ibohero rya Mpimba riri mu gisagara ca Bujumbura. Akaba yatorotse i Mpimba itariki 2 ntwarante 2015 ku bintu bitangaje cane. Hussein Radjabu akaba yafunzwe i Bujumbura mu kwezi kumunani 2008 yagirizwe guhungabanya umutekano w’igihugu. Yaciye acirwa urubanza rwo gufungwa imyaka 13.

Amakuru ariko arava mu gihugu ca Tanzania akavuga ko amaze imyaka ibiri afungiwe murico gihugu n’ubutegesti bwico gihugu bucuditse n’intwaro ya CNDD-FDD. Muri kino gihe rero hari amakuru avuga ko hariko haraba ibiganiro nubutegesti bw’i Gitega kugira azanwe mu Burundi.

Abatavuga rumwe n’ubutegesti bw’i Gitega bakaba bafise amakenga ko ashobora kugandagurwa ashitse i Burundi nkuko bimaze kuba kubatavuga rumwe na Leta iyo bafatiwe murico gihugu ca Tanzania. Bagatanga akarorero kubasirikare 3 batatu n’umukenyezi umwe bafashwe murico gihugu mu kwezi kwa gitugutu 2017 baca baragandagurwa, bakavuga n’impunzi 12 zimaze kwicwa nizishika 100 batazi irengero hamwe n’umuhisi Remy Gahutu yiciwe mu gasho murico gihugu ca Tanzania.