Pascal NYABENDA yakuwe mu burongozi bwa CNDD FDD

0

Umugambwe CNDD FDD kuva kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Myandagaro 2016 uramutswa intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi, Général Evariste NDAYISHIMIYE batazira “NEVER”.

Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe ry’umugambwe CNDD FDD ryo kuri uwu wa gatandatu ryashize Général Evariste NDAYISHIMIYE mu kibanza c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD, ariko mu ndinganizo nshasha z’uwo mugambwe, akaba yitwa umunyamabanga mukuru w’umugambwe. Icegera ciwe ni Joseph NTAKARUTIMANA.

rentw

Muri iryo koraniro ridasanzwe, uwahora ari umuvugizi w’uwo mugambwe, Daniel Gélase NDABIRABE yagizwe uwujejwe ubuzima bw’umugambwe CNDD FDD. Zénon NDABANEZE nawe akaba yahawe ikigega c’uwo mugambwe. Umuvugizi w’umugambwe ni Nancy Ninette MUTONI.

Géneral Evariste NDABANEZE yahawe ikibanza cahoramwo Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka. Uwo agiye kuramutswa umugambwe uri ku butegetsi akaba yari amaze iminsi yanditse ikete ry’ugutanga imihoho mu gisirikare c’Uburundi, ivyo yemerewe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, nk’uko tubikura mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/157 ryo kuwa 18 Mukakaro 2016.

Ikoraniro rya mbere ry’uwo mugambwe ryari ryabaye ku magenekerezo ya 18 na 19 Ruheshi 2016 mu ntara ya Ngozi, rikaba ryari ryungururijwe ku rindi sango ritari bwamenyeshwe.

Muri iyo ncuro ya mbere y’iryo koraniro Kaminuza ry’umugambwe CNDD FDD i Ngozi, ryasozerewe hadatowe uwugiye gusubirira Pascal NYABENDA yahora aramutswa uwo mugambwe, nk’uko vyari vyavuzwe. Amatora y’indongozi nshasha za CNDD FDD akaba yabaye kuri uwu wa gatandatu.