Paraguay: Abiyerekana Baturiye Inyubakwa y’Inama Nshingamateka

0

Abakora imyiyerekano baturiye inzu Inama Nshingamateka ikoreremwo mu gihugu ca Paragway aho biyamiriza itegeko riza rikuraho ibiringo vy’umukuru w’igihugu.

Hari umuntu yishwe akubiswe ingumu mu mutwe uwo abarwanya ububutegetsi bavuga ko yarashwe nurusasu rw’igipolisi.

Inyubakwa y’Inama Nshingamateka ya Paraguay yaturiwe n’abiyamiriza ko ibwirizwa shingiro rihinduka

Mwibwirizwa Shigiro rya 1992 ry’ico gihugu ryashizweho intwaro yagahotoro ihavuye, umukuru w’igihugu yari yemererwe gusa gutwara ikiringo kimwe c’imyaka itanu.

Mugabo umukuru w’igihuguahari ubu atwrara Paraguay, Horacio Cartes, ariko agerageza gukuraho iryo tegeko kugira yiyongere ikindi kiringo mu matora akurikira.

Abakora imyiyerekano bafotowe bariko bamena ibiyo vy’inyubakwa y’Inama Nshingamateka ku murwa mukuru w’ico gihugu, Asuncion, ejo kuwa gatanu hahise ku mugoroba kandi bariko baturira uruhande rwimbere rwiyo nyubakwa.

Nubu gushika kuri iyi saha, abakora imyiyerekano baracahangana n’igipolisi ca Paraguay

Nkuko Agence Française de Presse( AFP) yabimenyesheje, abakora imyiyerekano « basahuye » amabiro yabashigikiye ko iryo bwirizwa shingiro ryohinduka. Abakora imyiyerekano baturiye namapine mwibarabara.

Igipolisi cakoresheje amasasu ya plastike, amazi kugira gishobore guhwamika congere gisanzaze
abariko bakora iyo myiyerekano. Abantu bashika 30 bakomeretse, harimwo nabanyamategeko batatu n’umucamanza umwe.
BBC imenyesha ko ko iyo nyubakwa yahiye mu kiringo c’” isaha imwe n’inusu”.