Pacifique Nininahazwe aratangazwa n’imvugo ya Président Ndayishimiye yita Magufuri kwari se wiwe

0

Uwo arongoye ishirahamwe rivuga ko ridaharanira inyungu za politique FOCODE avuga ko mu mateka y’Uburundi ni ubwa mbere Umwami canke Umukuru w’igihugu yubahuka kwita mugenzi we arongoye ikindi gihugu ko ari se !

Ivyo vyaraye bibereye i Kigoma muri Tanzania aho, mu rugendo rwiwe rwa mbere mu mahanga, Prezida Évariste Ndayishimiye yavuze mw’ijambo ryiwe ko afata Prezida Joseph Pombe Magufuli nka se “Baba yangu” kandi ko amurindireyeko impanuro zikomeye zo kurongora igihugu.

Muri kahise ka hafi Pacifique Nininahazwe yibutsa ko mu 2011, umuhisi Prezida Petero Nkurunziza, mu rugendo yarimwo mu Rwanda, yarigeze kuvuga ko afata Prezida Paul Kagame nka mukuruwe “Grand frère” amurusha ubumenyi mu vy’uburongozi kandi ko ataco afise yongerako kuryo avuze. Ico gihe abumvise ayo majambo baramaramaye, kuko bumva umengo arasuzuguje Uburundi. Ariko ntiyigeze agera aho yita uwundi muperezida ngo ni se.

 

Umukuru w’ishirahamwe FOCODE avuga ko abakera bavuga ko vyigeze gushika Umukuru w’igihugu ca Zaïre Maréchal Mobutu Sese Seko yita Prezida w’Uburundi Colonel Jean-Baptiste Bagaza ko ari murumunawe “Petit frère”,  Prezida Bagaza ntiyihanganiye ako gasuzuguro ati : “hagati y’ibihugu, nta kinini na gitoya kibaho, dutegerezwa kwubahana twese nk’abakuru b’ibihugu, nta petit frère na grand frère, twese turi abaperezida b’ibihugu vyacu”.

Pacifique Nininahazwe aributsa kandi ko muri myandagaro 1993, Prezida Melchior Ndadaye w’Uburundi yarakiriye mu ntara ya Ngozi Prezida Juvenal Habyarimana w’Urwanda. Ico gihe Prezida Habyarimana yari amaze imyaka 20 ku butegetsi, Prezida Ndadaye nawe ukwezi kumwe. Prezida Habyarimana yaje i Burundi azi ko aje nkiwe, yaje azi ko Prezida Ndadaye ari uwo kumwubaha gusa, aza gutangara yumvise ijambo rya Prezida Ndadaye aho yamusavye gushira mu ngiro amasezerano ya Arusha yo gusangira ubutegetsi na FPR. Abari ngaho bavuga ko Prezida Habyarimana yashavuye, yiyagaza mu mutwe, araheba kuvuga ijambo yari yateguye, avuga irindi. Prezida Ndadaye yari amaze ukwezi kumwe gusa ariko yarumva neza ko ahagarariye igihugu, adashobora kwunamira uwundi mukuru w’igihugu nkawe naho yoba yaramufashije.

Abarundi ba kera nabo baribuka cane urugendo rw’Umwami Mwambutsa IV Bangiricenge i Vatikano aho yarahiye kwunamira Papa Yohani wa XXIII ati nta Mwami yunamira uwundi.

Mu mateka y’Afrika, harakunzwe kuvugwa umukuru w’igihugu yahoze atwara République Centrafricaine Général Jean-Bedel Bakossa yahora yita  Prezida Charles de Gaulle w’Ubufaransa ngo ni se “Papa”. Vyarageze aho bishangashira Prezida De Gaulle abwira Bokassa ati : “ntuzosubire kunyita Papa, uranyita Mon Général nkuko abandi banyita”, Bokassa n’agahinda kenshi yishuye ati “Ego Papa”.

Pacifique Nininahazwe ubu yahunze igihugu aheraheza avuga ko ba sokuru barawuciye bati : “igihugu si icana”, Umukuru w’igihugu akwiye kwama ahagarira ubugabo bw’abarundi, ntakwiye kwishira hasi imbere y’abandi bakuru b’ibihugu, naho vyoba ari ibihugu bifise ico bimufasha. Kumbure Prezida Ndayishimiye yashatse imvugo y’urupfasoni, ariko ntaho vyakabaye ko Umwami w’Uburundi yita se umwami w’ahandi. Hariho imvugo zishoboka hagati y’abantu, ariko zidashoboka hagati y’ibihugu. Kanatsinda ibihugu ntibigira ubucuti, bigira inyungu gusa (uyu musi barazisangira, ejo zigasekana) !

Benshi bakabona ko Président Ndayishimiye ariko arondera ubucuti bukomeye n’igihugu ca Tanzaniya, n’amasezerano yo kwimba ubutare Nickel akaba yarateweko umukono nabo bakuru b’ibihugu  vy’Uburundi na Tanzaniya. Mukamenya ko Urwanda narwo rufise amasezera n’igihugu rutura ca Amerika muvyerekeye umutekano mbere hakaba havugwa ko hagiye gushingwa ikambi y’abasoda baba nyamerika murico gihugu c’Urwanda kitarabana ryiza n’igihugu c’Uburundi.