Ketty Nivyabandi yagenwe kuba umunyamabanga mukuru wa Amnestie Internationale muri Canada

0

Ketty Nivyabandi akaba ari umwanditsi w’ivyese yagaragaye cane mu myiyerekano yo kurwanya ikiringo ca gatatu ca président Petero Nkurunziza. Akaba yavukiye mu gihugu c’Ububiligi. Ibitabo vyiwe birimwo ivyese bikaba vyarasohotse mu mazu agurisha ivyo vyese nka World Literature Today hamwe na Words Without Borders na We Have Crossed Many Rivers: New Poetry from Africa (2012).

Akaba atatinya kuja imbere y’inkoho na za bulende mu gisagara ca Bujumbura, mbere akaba yaciye akurikirwa n’abakenyezi benshi mu misi yanyuma y’imyiyerekano inyuma yaho haciye haba ihirikwa ry’ubutegetsi itariki 13 rusama 2015. Mbere abo bakenyezi bakaba baciye bagenda barigamba ngo murabona ko ivyananiye abagabo abakenyezi babishoboye. Ariko iryo hirikwa ry’ubutegesti ryamaze umwanya urume rumara. Ketty Nivyabandi abanye amashamba ashushe yaciye ahungira mu bihugu vya Buraya imbere yo kuja mu gihugu ca Canada aho yabandanije yandika mu vya politike mbere aboneka no mu manama y’abanyepolitike batavuga rumwe na leta y’i Gitega.

Ishirahamwe Amnesty International akaba ari ishirahamwe ririmwo abantu barenga imiliyoni 7 bari mu bihugu bishika 150, iryo shirahamwe rikavuga ko riharanira agateka ka zina muntu, rikagwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu.