Abasoda b’Abarundi bari muri Centrafrique bagirizwa ivyaha vyo gufata ku nguvu

0

Ivyagiriji bishasha vyo gufata abakenyezi n’abana ku nguvu hamwe no guhohotera vyagirijwe bushasha abasirikare b’Abarundi bari muri wa Mugambi wa ONU wo kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrique.

Nk’uko ikinyamakuru CAJ News Afrique kibishira ahabona, umurwi wa ONU ukora amatohoza ukaba wasavye ko umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye yokora amatohoza mu basirikare biwe.

Abo basirikare b’Uburundi bakaba bashika ku 43 bari muri Centrafrique bagirizwa ayo mabi kuva yo gufata ku nguvu mu mwaka wa 2015.

Ico kinyamakuru kikaba kinavuga ko abashika ku 49 b’abana, abakuze bashika ku 27 hamwe n’abandi batanu batazwi bakorewe ayo mabi n’abasirikare b’Uburundi bari muri Centrafrique.

https://twitter.com/PhilipGrant40/status/1307936531915722752?s=20

Umunyamabanga mukuru wa ONU akaba yasabwe gukora amatohoza yitondewe kuri ivyo vyagiriji bishasha ku basirikare b’Uburundi bari muri Centrafrique.

Mu gihe abasirikare b’Uburundi bokwagirwa n’ivyo vyaha, vyoshika igihugu c’Uburundi kigakurwa kurutonde rw’ibihugu bija kugarukana amahoro mu bindi bihugu nka za Somalia.