ONU Yagenye Uwukora Amatohoza Ku Bwicanyi Bwahitanyi Abarundi Barenga 35 Muri Kongo.

0
Jean-Pierre-Lacroix

Ibiro vya ONU bijejwe Kubungabunga Amahoro bihagarariwe na Jean-Pierre Lacroix, vyagenye umukukuruke mu vya gisirikare akomoka mu gihugu ca Nigeriya yitwa Chikadibia Obiakor kugira ayobore amatohoza adasanzwe ajanye n’ubwicanyi bwahitanye impunzi z’abarundi zirenga 35 mu nkambi y’impunzi ya Kamamyola iri mu gihugu ca Republika iharanira Demokrasi ya Kongo.

Impunzi z’Abarundi bashika 39 barishwe abandi barenga 100 barakomereka bikozwe n’ingabo za Leta ya Kongo mu buseruko bwa Republika iharanira Demokrasi ya Kongo kuwa 15 Nyakanga 2017, I Kamamyola mu karere ka Kivu y’amajepfo.

Nk’uko ikinyamakuru Premium Times kibimenyesha, ayo matohoza adasanzwe aazokorwa hisunzwe inshingano z’ingabo za ONU zijejwe kubungabunga amahoro muri Kongo, MONUSCO, hamwe nokuraba ivyoryohorwa mu bijanye no gukingira abasivile.

Umushingantahe Chikadibia Obiakor( kw’ifoto haruguru) yakoze mu gisirikare ca Nigeriya igihe kinini,kandi akaba yararongoye ingabo za ONU mu gikorwa zarimwo mu gihugu ca Liberia kuva mu mwaka wa 2006 gushika 2008. Chikadibia Obiakor akaba kandi yarakoze ari umuhanuzi mu biro vya ONU bijanye no kubungabunga amahoro kuva mu 2008 gushika mu 2010.

Amakuru avuga ko impunzi z’Abarundi 18 zishwe ako kanya nyene ziriko zisubizwa inyuma n’ingabo za Kongo, abandi nabo bicwa ku musi wakurikiye, abandi bahitwanwa n’ibikomere bikomeye bari bakomeretse.

Izo mpunzi zikaba zariko ziyamiriza ingingo y’abategetsi ba Kongo bashaka kurungika mu Burundi impunzi z’abarundi 2 zagirizwa gutunga no gukora ibigwanisho.