OLUCOME iriyamiriza amanyanga yabaye mu batanze ibiterwa vy’amavoka.

0

Ishirahamwe rijejwe kurwanya isesagurwa ry’amatungo ya leta mu Burundi ryamenyesheje mw’itangazo ryashizwe ahabona ko habaye amanyanga mu bantu batsindiye isoko yo gutanga imivyaro y’ibiterwa vy’amavoka mu Burundi.

OLUCOME ikaba ivuga ko habaye igiturire hamwe no guca amafaranga menshi birenze urugero muri ayo mashirahamwe 60 yatsindiye iryo soko.

OLUCOME ikaba imenyesha ko leta yari yategekanije guha ayo mashirahamwe imiliyaridi 1,2 mu mafaranga y’amarundi, ariko ko gushika ubu leta y’Uburundi ifitiye abo batsindiye iyo soko imiliyaridi 8 kubera ‘impamvu zo kwironderera inyungu’ z’ayo mashirahamwe nk’uko OLUCOME ibivuga.

OLUCOME igasaba leta kutariha ayo mafaranga mu buryo buciye mu biturire n’amayanga.

Leta y’Uburundi ikaba yaratanguje umugambi wo gutera amavoka mu gihugu cose kuva mu mwaka wa 2007 kugira igabanye ubushomeri na cane cane mu basirikare bahoze ku rugamba hamwe n’abandi bashobora kuronka ico bakora.