OIM Irababazwa N’Urupfu Rw’Impunzi 6 Z’Abarundi.

0

Inyuma y’aho habereye isanganye mw’ibarabara yatumye abantu munani bahasiga ubuzima( harimwo umukozi umwe wa OIM, impunzi z’abarundi zitandatu zari zihungutse ku bushake n’umu Tanzaniya umwe), Ishirahamwe ryitaho abimukira kw’isi ariryo OIM( Organisation Internationale de Migration) ryasohoye itangazo aho rimenyesha ko ribabajwe n’izo mpfu zavuye kwisanganya yo mwibararaba, OIM ikamenyesha ko abakomeretse bariko bafashwa na Leta ya Tanzaniya ifashijwe na OIM nyene, PAM na HCR.

Jaamal Mohamud, umukozi wa OIM yamenyesheje ejo ku musi wa gatanu 30 Ntwarante 2018 ko “isanganya yabaye igihe impunzi z’Abarundi zishika 515 zari zahisemwo guhunguka ku bushake ziri mu modoka( Bus) 8 zari zakoswe na OIM”.. Ibisi zibiri zikaba zaragonganye maze haba iryo sanganya.

Iyo sanganya ikaba yabereye mu karere ka Ngara muri Tanzania mu Buseruko bushira uburaruko bw’Uburundi. Amabisi abiri akaba ariyo yateje iyo sanganya, yarimwo abantu 114. ‘Abarokotse bakaba baravuwe ibikomere, abandi 16 bakomeretse cane bakaba baciye bajanwa ku bitaro vyegereye aho habereye iro sanganya, abasigaye batashikiwe niyo sanganya bari muyandi mabisi atandatu baciye bajanwa ku kigo ca Lumasi aho i Ngara’, niko Mohamud abimenyesha.

Umugenduzi mukuru wa OIM, William Lacy Swing, yamenyesheje akababaro ka OIM ati: “ Ni ibigaragara ko iri sanganya ryahitanye abantu n’abakomeretse ar icago…ibidusaba kubandanya dukurikirana turaba ko barya bakomeretse baronka imfashanyo yihutirwa, hamwe n’ukwitwararika mu rupfasoni abapfuye. OIM ikaba izokwitwararika ko abo bose babuze n’abakomeretse bafashwa bongere bashigikirwe, mbere harimwo no kubafasha mu kibano”.