Umugambwe RANAC Wahagurukiwe Mu Gukorwako Amatohoza.

0

Umugambwe RANAC( Rassamblement National Pour le Changement) usa n’uwasubiriye iyindi migambwe nka za FNL na MSD mu kugirwako amatohoza ba Leta y’Uburundi. Ejo ku musi wa gatanu, uwurongoye umugambwe RANAC, Aloys Baricako, yarengukijwe ejo ku musi wa gatanu mu rwego rw’ipererereza SNR ngo yumvirizwe ku bibabzo bimwe bimwe.

Georges Nikiza avugira uwo mugambwe ku rwego rw’igihugu, yamenyesheje ko uwo mukuru w’umuganbwe yabajijwe ku migenderanire uwo mugambwe woba ufitaniye n’urunani rutavuga rumwe na Leta y’Uburundi arirwo CNARED, urunani rusanzwwe rutemewe mu mategeko na Leta y’Uburundi.

Ikindi kandi Aloys Baricakako yarengukijweko ni ubutumwa buteye amakenga bwasanzwe mw’itelefone yiwe ngendanwa, nk’uko Nikiza abimenyesha.

Ariko rero, Georges Nikiza akabona ko iryo rengutswa mu butungane ry’umukuru wa RANAC ari uguterwa ubwoba. “Ivyo bamubujije ni kudakora ivya Politike, hamwe n’ayandi ma msessage binuvye basanze muri Telefone yiwe, yongera abazwa igituma abari muri RANAC baguma bitaba inama zitunganywa na CNARED…”,niko NIKIZA amenyesha.

Georges Nikiza akamenyesha ko irengutswa rya Aloys Baricako ritarahera ko azobandanya atumwako ngo akorweko amatohoza, agatera akamo Ubutungane bw’Uburundi kutaza burarengutsa agasaki saki abanyepolitike batavuga rumwe na Leta kugira bubabuze ibikorwa vyabo.

Uwurongoye kandi RANAC mu ntara ya Muramvya nawe arafunzwe yagirizwa co kimwe na Aloys Baricako bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu.