Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yasengeye amatora ay 2020 kugira ngo azogende neza cane, amatora avuga ko azogenda neza kuruta nayayatanguriye.
Nkurunziza yama ameneysha ko atazogaruka kwitoza mu matora ya 2020 naho bamwe bamwe nubu bataravyemera.

Muri iryo sengesho, Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza yasengeye amatora yimirije mu 2020, asengera abarongozi kuva ku mukuru w’Igihugu azomusubirira, abashingamateka, abakenguzamateka, abashikiranganji, ba Buramatari hamwe n’izindi ndongozi zose nshasha zizoshingwa kuyobora Uburundi.
Muvyo Nkurunzza yasavue Imana yasenze yavuze ko ashimira Imana cane ku ndongozi nziza Uburundi bufise hamwe no guhezagira indongozi nshasha zimirije kuyobora Uburundi.
Mu bo yasabiye kandi harimwo no gusabira umukuru w’igihugu mushasha azomusubirira mu mwaka wa 2020.
Raba agace gato gusa kavuye muri iryo sengesho rya Petero Nkurunziza:





Recent Comments