UBM News ads

Abdul Kassim niwe yatowe kuzoserukira umugambwe UPD mu matora yo mu 2020

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo vyavuye mu matora yabaye kur’uyu wa gatandatu mw’ikoraniro kaminuza ry’uyo mugambwe ryabereye i Bujumbura. Kassim Abdul asanzwe arongoye uyu mugambwe akaba yahiganwa wenyene murico kibanza co kwitoza no guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu aserukiye umugambwe UPD.

Imigambi mikuru mikuru yavuze ko azoshira imbere akaba ari kurwanya ubukene, kurwanya inzara, gutezimbere indero hamwe no kurwanya ibiturire mu butungane. Kuvyerekeye uburyo naho, Kassim Abdul yavuze ko bidakenewe gukoresha uburyo bwinshi ku mugambwe uri mu makomine yose yigihugu, akavuga ko bazohimiriza abanywanyi ku nzu kunzu ngo kuko barya batanga inzoga n’amahera ataribo usanga batowe, agatanga uturorero ku migambwe UPRONA, FRODEBU na CNDD FDD yatsinze amatora ataburyo bwinshi yarifise itarashika kubutegetsi.

Abdul Kassim akavuga ko umugambwe UPD atarunani uzogira n’iyindi migambwe ko uzoja mu matora wonyene ariko ngo bishitse bakavyiyumvira ko bizoca mu nama kaminuza y’umugambwe. Abdul Kassim arahamagarira kandi abanyamugambwe ba UPD bahunze igihugu gutaha iwabo ngo kuko niho bazoronka uburenganzira bwo gutora no kwidegemvya.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments