UBM News ads

Boba bagiye kurekurwa ?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abamenyeshamakuru Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi, Térence Mpozenzi na Egide Harerimana barengukishijwe kur’uyu wambere imbere ya sentare inkuru y’i Bubanza. Bakaba bamaze imisi ishika 70 bafungiwe mw’ibohero ryo mur’iyo ntara ya Bubanza. Bagirizwa kuba barifatikanije n’abitwaje ibigwanisho bateye mu ntara ya Bubanza itariki 17 munyonyo.

Mu kiganiro Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, yahaye abameneyshamakuru kur’uyu wa kane itariki 26 kigarama yamenyesheje ko abo bamenyeshamakuru borondera abababuranira muri sentare ko wewe atokwinjira mu kazi kubutungane ariko ashobora gufata ingingo nk’Umucamanza mukuru mugihe sentare zahejeje akazi kazo.

Mwomenya kw’abo bamenyeshamakuru bari basavye incuro zibiri ko boburana bidegemvya ariko sentare ziyungururizo zikaba zarabankiye. Amashirahamwe aharanira agateka k’abamenyeshamakuru akabona ko abo bamenyeshamakuru bari kukazi kabo, ariko ibijanye no kumenyesha amakuru ajanye n’umutekano bikaba bitorohera abamenyeshamakuru muri kino gihe m’Uburundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments