UBM News ads

N’iki Nkurunziza asaba uwuzomusubirira mu mwaka wa 2020?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Benshi baracibaza ko gushika ubu Petero Nkurunziza azokwitoza mu matora ya 2020 kugira asubire gutwara Uburundi iyindi myaka 7 gushika mu mwaka wa 2027.

Biravugwa ko hafi ibice 70% kwijana vy’abanywanyi ba CNDD-FDD n’ubu bataremera ko Petro Nkurunziza azova ku butegetsi mu mwaka wa 2020, ahubwo ko azobandanya atwara Uburundi.

Ariko rero nk’uko aheruka kubimenyesha igihe yariko asezera abajejwe inzego z’umutekasno, yaramenyesheje ko ‘atazosubira kwitoza mumatora ya 2020’ nk’uko benshi bavyibaza.

Uyu musi naho mu ntara ya Gitega yabajijwe ico yosaba ko uwuzomusubirira yokora maze amenysha aho ahagaze kuri ico kibazo: Ubutunzi yabushize imbere ku wuzomusubirira.

Ku vyerekeye intambwe nziza Uburundi bugezeko, Petero Nkuruniza ahimiriza uwuzomukorera mu ngata mu 2020 ko yoshishikara guha iteka igihugu muvy’ubutunzi kuko ‘Uburundi butaremewe gufashwa ariko bwaremewe gufashanya n’ibihugu bigenzi’.

Abatari bake baracibaza nimba koko umukuru w’igihigu azohava ku ntebe yicayeko hakaja uyundi mu mwaka wa 2020.

Mu makuru tugize imisi tubatohoreza kandi tubandanya dutohoza, haravugwa ko umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, EZECHIEL NIBIGIRA, afise amahirwe manini cane yo gushirwa imbere na Petero Nkurunziza agaserukira umugambwe wiwe CNDD-FDD mu matora ya 2020.

Ariko mwomenya ko ikibazo co gutora umukandida wa CNDD-FDD kimaze gucamwo ibice abatari bake muri uyo mugambwe kubera bafise ubwoba bw’uko Nkurunziza atitoje batabona neza ko umugambwe CNDD-FDD utotsinda amatora ya 2020.

Ikibazo ca Ezechiel Nibigira Ikinyamakuru canyu kizobandanya kibatohoreza ivyiwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments