Ivyo Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza, akaba yabivuze kur’uyu wa kane igihe yariko araremesha ikiganiro n’abamenyeshamakuru hamwe n’abenegihugu bakura kuri terefone. Président Nkurunziza akavuga ko bitabaye iryambere Urwanda rusotora Uburundi ati kuva muri 2014 hari abafashwe n’ibigwanisho vyabo. Abo nabo ngo bakavuga ko bagiriye imyimenyerezo mu Rwanda bagaca baca mu gihugu ca Congo.

Président Nkurunziza akavuga ko Urwanda rwagirije Uburundi ko bubika ababurwanya ariko abahinga muzamakungu baraje kuraba ko arivyo basanga atarivyo Uburundi nabwo buca busaba ko abo bahinga baja mu Rwanda kuraba ko atabarwanya Leta y’Uburundi, Président Nkurunziza akavuga ko Urwanda ko rutemeye ko bajayo.
Président Nkurunziza akavuga ko Uburundi buzoguma bwubahiriza amasezerano mpuzamakungu yo kubana neza n’ibihugu bibanyi kandi ko ibirego vyose vyashikirijwe amashirahamwe mpuzamakungu umusi n’umusi abateye akajagari mu karere bazobibazwa.
Mwomenya ko Urwanda narwo ruguma ruhakana ko rutateye igihugu c’Uburundi ko ibibazo bafitaniye n’Uburundi vyobarizwa mu mashirahamwe mpuzamakungu bahuriramwo.





Recent Comments