Nigiki catumye Pascal Nyabenda atanahamwe atorwa kireste mu nama mpanuzwajambo ya komine

0

Benshi baratangajwe n’ingene Umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda, amaze imyaka itanu atwara urwo rwego rukomeye mu gihugu imyaka irenga itanu akaba yaranatwaye umugambwe uri kubutegesti CNDD FDD adatorwa ngwazobe umushingamateka canke umukenguzamateka, agasigarana gusa kuba umuhanuzi wa komine Mpanda.

Amakuru ariko araca kurubuga ngurukana bumenyi avuga ko uwahora amushigikiye yari soma mbike wiwe, President Nkurunziza Petero, kwatakihari yitavye Imana arivyo vyatumye akoroka gose muri politike. Izo nkuru zikavuga ko Pascal Nyabenda yama ashigikira ingingo zose zafashwe n’Umukuru w’igihugu Nkurunziza yahahora naho abandi baba bariko barahanura ngo abireke. Aha izo nkuru zikavuga ko yashigikiye cane Petero Nkurunziza igihe yitoza ku kiringo cagatatu cateye uruhagarara cane mu mugambwe CNDD FDD no mu gihugu.

Abandi bakavuga ko abanyabubanza atakintu kinini yabamariye ari kurico giti, abandi bakavuga ko Pascal Nyabenda yashaka kuja gutwara Inama Nkenguzamateka, ibitabonwa neza n’uwutwara urwo rwego Reverien Ndikuriyo, nawe nyene ashaka kuguma abandanya atwara urwo rwego mu gihe atoronka gutwara umugambwe CNDD-FDD.

Kurivyo vyose Pascal Nyabenda akaba ataco araibivugako, mwebwe mwiyumvira ko yoba ahorwa iki ko yari numero yakabiri mu gihugu ?