Ishirahamwe OLUCOME risaba umukuru w’igihugu kwugurura amazu yo kuvunja amafaranga mvamakungu

0

Ishirahamwe OLUCOME risaba umukuru w’igihugu kwugurura amazu yo kuvunja amafaranga mvamakungu mu gihe haciye amezi leta itegetse ko ayo mazu yugarwa.

Mu rwandiko ishirahmwe OLUCOME rirongowe na Gabriel Rufyiri rivuga ko naho iryo tegeko ryasohotse riza ‘rihana mu kivunga abavunjayi’ bose aho guhana abarenga ku mategeko leta na BRB bashinze.

Rufyiri Gabriel kandi avuga ko iyo ngingo ituma igihugu kihahombera mu bijanye n’ubutunzi hamwe no gutuma abakera rugendo bataza mu Burundi kubera ubukene bw’amafaranga y’agaciro.

Rufyiri kandi aragaruka ku kuntu ubu amafaranga y’agaciro ariko avunjwa ku giciro kinini cane kandi bigatuma haba ibiturire cane.

Mwomenya ko leta kandi yahagaritse ko Abarundi baba mu Burundi baronswa amafaranga yabo mu mahera mvamakungu ariko bakaronka mu mafaramga y’amarundi.

None ubwo ‘Samuragwa’ na ‘leta mvyeyi’ yiwe bazokwikubita agashi kugira bibuke gutunganiriza abanyagihugu bikora ku dufaranga tw’agaciro mu kuja kurangura hanze y’igihugu?