Abategetsi bamwe bamwe batanguye kwirukanwa kubera ibiturire

0

Abategetsi bamwe bamwe batanguye kwirukanwa kubera ibiturire nk’uko vyibonekeza cane mu misi iheze aho abategesti bamwe bamwe b’igihugu bahagaritswe abandi barafungwa abandi barirukanwa mu buzi kubera kurya ibiturire.

Ibiheruka kuba i Makamba aho umukuru wa Zone hamwe nabamufasha bafashanya n’imbonerakure mu kwiba abarundi baba bavuye ku gihugu ca Tanzania biravyerekana.

Ikindi giheruka kuba ni uguhagarika abapolisi barya bo kwibarabara bafashwe mu gisagara ca Bujumbura bariko baregeranya amafaranga ku banyonga imiduga nk’uko vyama kuri bo nka misi yose.

Ivyo vyose biriko biraba bitumwe n’uko umushikiranganji w’intwaro yo hagati n’umutekano, Gervais Ndirakobuca, atazirwa Ndakugarika, afatiye ingingo yo gutangura kubatuza.

Ndakugarika yamenyesheje ko ‘ata kigongwe’ azogirira abiba igihugu no kugicafuza aho gutunagniriza abanyagihugu.

Abategetsi bamwe bamwe ubu batanguye kugira ubwoba cane ko nabo bashobora gushikirwa kubera benshi mu gihugu c’uburundi usanga bakora ibikorwa Ndirakobuca yavuze ko vyohagarara.

Ndirakobuca yaravuze ko ivyo kudandadaza no kudindiza ama dosiye vyohagarara hama Abarundi bose bagatuganirizwa.

Wewe ubona Gervais Ndirakobuca agiye kuvyorosha cane kugira Abarundi batunganirizwe?