N’igiki Abarundi bibukira kuri Benjamin Mkapa ?

0

Uwahoze arongoye igihugu Tanzaniya kibanyi c’Uburundi Benjamin Mkapa yaraye yitavye Imana kur’uyu wa kane. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’Umukuru w’igihugu ca Tanzania, John Pombe Magufuli. Uyo nawe akaba atavuze icishe uyo yahoze ari umukuru w’ico gihugu mu myaka ya 1995 gushika 2005. Akabayari mu mugambwe Chama ca mapinduzi CCM- Parti de la Révolution. Akaba yitavye Imana afise imyaka 81 kuko yavutse mu mwaka wi 1938 mu karere kitwa Mtwara mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu ca Tanzania.

Abarundi baramuzi cane nk’umukuru w’igihugu kibanyi yakurikiranye ibiganiro vya Arusha gushika hategweko umukono amasezerano ya Arusha mu mwaka wí 2000 igihe umuhuza Mandela yarayoboye ibiganiro yasubiriye umuhuza Nyerere Julius yari yitavye Imana nawe nyene.

Abarundi barasubiye gusaba Mkapa Benjamin mu mwaka wa 2015 ngw’abahuze igihe haduka impari zikomeye zijanye n’ikiringo cagatatu c’umukuru w’igihugu cari canditswe ugutandukanye mu masezerano ya Arusha no mw’Ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi. Ariko Mkapa Benjamin ico kintu ntiyagitevyeko kuko yamenyesheje ko Président Nkurunziza yemerewe kubandanya arongoye igihugu ko abatavyemera ari abasazi ariko ko impunzi za politike n’izindi zisanzwe zotaha zikaronka umutekano.

Ibitashoboye gukunda nka vyose bikaba kandi vyarashavuje abatavuga rumwe na Leta, Président Nkurunziza nawe akaba yaciye abandanya gutwara ariko akaba atahejeje ico kiringo kuko yaciye yitaba Imana mu kwezi kwa gatanu 2020.