Abanywanyi ba CNL bavuga ko bariko bakurwa ku ntonde z’amatora yo ku mitumba

0

Nk’uko iradiyo y’ijwi rya Amerika, VOA, ibivuga, Abanywanyi b’umugambwe CNL bavuga ko bariko bakurwa ku ntonde z’amatora yo ku mitumba.

Abo bidoga bakavuga ko ata mvo bazi yatumye bakurwa ku ntonde za kwitoza mu manama mpanuzwajambo za Komine.

Ivyo vyo gukura ku ntonde abipfuza kwitoza mu matora yo ku mitumba bimaze kwibonekeza ni mu ntara za Makamba, Mwaro, Bubanza no mu gisagara ca Bujumbura, niko VOA ishira ahabona.

Abatari bake baribaza nimba umugambwe CNDD-FDD ugomba kandi gusubira ‘kugahinyanyura’ nk’uko vyabaye mu matora aheze hamwe no kuvyabaye kuri Pascal Nyabenda.

Abanywanyi b’Umugambwe CNL Bavanywe ku ntonde bemeza ko habaye akarenganyo kadasanzwe.

VOA ivuga ko ivyo gukura ahantu ku ntonde biba na cane cane mu makartiye yo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura nka Kamenge, Kinama na Buterere.

Abanywanyi b’umugambwe CNL bagasaba CENI ko yoreka intahe igashira aho ishatse maze abanyagihugu bagaca urubanza.

Abatari bake barabona ko umugambwe CNL ushobora gutsinda cane kubera ufise abanywanyi benshi cane mu gisagara ca Bujumbura maze ugasanga inzego zo hasi zitwarwa nabo mu mugambwe CNL mu gisagara ca Bujumbura.

Wewe wibaza ko bari bakwiye gukurwa ku ntonde abo banywanyi b’umugambwe CNL?