Imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda yoba igiye gusubira kunaguka ?

0

Abagabo babiri bari mu muhari FDRL bagwanya leta y’Urwanda barungururijwe agasho bavanwa mu gasho ko mu Ruyigi bajanwa gufungirwa mu ntara ya Gitega, umugwa mukuru wa politique. Bakaba bafatiwe mu gisagara ca Bujumbura mu kwezi kwa kabiri 2020. Bakaba bagirizwa kuba bari mu mirwi ihungabanya umutekano no kwinjira ku gataka k’Ubruundi ataruhusha bafise.

Emmanuel Ngirwenatwo et Paul Munyentwari niyo mazina yabo nkuko bimenyeshwa n’ikinyamakuru SOS Médias kandi bakaba bavuga ikinyarwanda cinshi. Bakaba barikumwe n’abandi barundi batatu bagirizwa ico caha nyene co guhungabanya umutekano, kwinjira mu mirwi irwana no gukoresha impapuro za magendo. Gushika ubu aho bari mu gasho ko mu ntara ya Gitega nta muntu numwe bavugisha ava hanze.

Ivyo rero bikerekana ko imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda yoba igiye kumera neza kuko ico bapfa arico nyene co gushigikira imirwi irwanya Leta z’ibihugu bibanyi.