Ni igiki coba cinyegeje inyuma y’ifatwa ry’abantu cumi barimwo umumenyeshamakuru wa Radio Maria

0

Imiryango y’abantu cumi baheruka gufatirwa muri karitiye ya Mutakura, muri zone Cibitoke, mu gisagara ca Bujumbura, iratewe amakenga n’ivyaha vyagirizwa abo bafashwe. Muri iyo miryango bamenyesha ko hoba hari icihishije inyuma y’ifatwa ry’abo bantu barimwo n’umumenyeshamakuru wa Radio Maria Burundi.

Iyo miryango ntirashobora kubonana n’abo bantu bapfungiwe mw’igendereza ry’Uburundi, i Bujumbura, bakavuga ko bitangaje ingene abantu ata poritike barimwo bofatwa, bakagirizwa uguhungabanya umutekano. Incuti z’abo bantu zigasaba ko zoshobora kubonana nabo.

Abo bantu uko ari cumi, barimwo na Salvator NAHIMANA, umumenyeshamakuru wa Radio Maria Burundi, bafatishwe kuri uwu w’Imana muri karitiye ya Mutakura, zone Cibitoke, kw’ibarabara ry’icenda nomero 59.

jeu

Ababanyi b’aho abo bantu bafatiwe bamenyesha ko bafashwe mu gihe bari mu nama y’ibikorwa vyo kw’isengero ryabo. Babonye umwe mu bajejwe intwaro, ari kumwe n’abasirikare hamwe n’abaporisi, binjira mu nzu barimwo, baca bajanwa bose gupfungirwa muri zone Kamenge. Mu gatondo ko kuri uwu wa wa mbere bakaba bungururijwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura.

Mu giporisi c’Uburundi baremeza ayo makuru y’ifatwa ry’abo bantu, bakamenyesha ko bagirizwa ko bariko bakora inama iteye amakenga kandi itemewe n’amategeko, yoba yari igamije gufungabanya umutekano w’igihugu.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko abo bantu bariko bategura kwegeranya ibifungurwa bihabwa abagizi ba nabi.