Ashley Diva yaraye afashe urugendo yerekeza mu gihugu ca Kenya

0

Ku munsi w’ejo igenekerezo rya 3/10/2016 niho umuririmvyikazi w’Umurundi Ashley Diva yafata urugendo yerekeza mu gihugu ca kenya,igihugu asanzwe akoreramwo akazi kiwe k’umuziki,Ashley Diva akaba yari yaje hano mu gihugu ciwe c’amavukiro mu karuhuko, kuraba umuryango no gukoresha ibiteramo
diva-yaraye-afashe-indege-yerekeza-muri-kenya
Imbere yuko afata urugendo yerekeza muri ico gihugu ca kenya yarashoboye kuduha ikiganiro ku kinyumakuru cacu ubmnews aho yatubwiye ati:Ndumva nryohewe cane kubona nsubiye inyuma ivyanzanye vyose ndabikoze kandi vyagenze neza,
Tumubajije ivyari vyamuzanye ati:Nari naje mu biteramo bari bantumiyemwo kandi vyose narabikoze kandi vyagenze neza,ikindi naco cari canzanye mu burundi nuko nari naje kuraba umuryango wanje kuko nari ndawukumbuye cane

Tworangiza tubamenyesha ko Ashley Diva azosubira ku garuka mu kwezi kwa Kigarama kuy’umwaka nyene bidahindutse