Ngozi : Umukuru w’umutumba ayoboka Rwasa Agathon ari mw’ibohero

0

Umukuru w’umutumba Ciri uri muri komine Kiremba intara ya Ngozi apfungiwe kuva kuri uwu wa kabiri mu gasho ka zone Gakere. Uwo ari mu munyororo azwi kw’izina rya Claver NSHIMIRIMANA, akaba ari umunywanyi wa FNL iyoboka umushingamateka Agathon Rwasa.

sef

Uwo mukuru w’umutumba yafashwe n’abaporisi batumwe na Musitanteri wa komine Kirmba ahasanzwe ariho havuka Rwasa Agathon. Uwo yafashwe akaba yagirijwe ko ariwe akingira abagizi ba nabi. Aho ni mu gihe yari yanse ko abantu babiri bariko bararwana, bafatwa n’igiporisi mw’ijoro.

Claver NSHIMIRIMANA yasavye abo bajejwe umutekano ko borindira bakaza gufata abo bantu habona, ari nakwo guca yagirizwa ko ashigikiye abagizi ba nabi.

Abatwara umugambwe FNL uyoboka Rwasa Agathon mu ntara ya Ngozi bamenyesha ko ifatwa ry’uwo mukuru w’umutumba ari urukurikirane rw’ihohoterwa hamwe n’agatotezo bikorerwa abayoboke ba Rwasa Agathon.