icokorwa kugirango umutekano ugaruke mu Burundi

0

Nyakubahwa Umukuru w’igihugu cu Burundi ” Petero Nkurunziza ” amenyesha ko gutorera inyishu ikibazo c’umutekano umunyagihugu wese abifisemwo uruhara.

505171097AW00023_John_Kerry

Ivyo akaba yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru hamwe n’abanyagihugu biciye ku mirongo ya Telefone yatanze ari mu ntara ya Gitega kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 30 Kigarama 2018,Petero Nkurunziza akaba yasavye abavyeyi,urwaruka n’abakuru b’amashengero kuja mu makomite y’umutekano nimba bashaka komumutekano ukomera mu gihugu.

Kubwiwe abona ko umwaka w’2015 wobera icigwa abavyeyi kuko muri uwo mwaka abavyeyi basahuwe abana bajanwa mu bikorwa bidahesha icubahiro igihugu,gushika aho bamwe bahabwa ibiyayura mutwe.

Petero Nkurunziza akaba yasavye abavyeyi basamaye ko mu mwaka w’2016 bogarukira indero y’abana babo kugira ntibasubire gutwarwa mu bitagira akamaro.