Ngibi hano ivyavuye munama idasanzwe Abakuru b’ibihugu bariko bariga kubijanye nikibazo c’Uburundi

0

Mu nama y’akana k’amahoro n’umutekano muri iri joro, bananiwe kwumvikana ku matati ari mu Burundi, bituma bafata ingingo yo gishikana ico kibazo imbere y’abakuru b’ibihugu.

African-leaders

Uretse ivyo, umushikiranganji w’imigenderanire wa Tanzania, Augustine Mahiga, yabwiye BBC ko ikibazo co kurungika inteko zo kugarukana amahoro mu Burundi camaze guvanwaho, ko ikizokwigwa ari ukuraba ingene ibiganiro vya politike vyacumbagira, vyobandanya.

Abakuru b’ibihugu baza kubonana uyu musi.

Vyitezwe ko mu nama y’abakuru b’ibihugu baza kwemezwa ivyashitsweko n’akanama k’amahoro n’umutekano kabonanye ejo mw’ijoro.

Kunanirwa kumvikana muri ako kanama bisigura ko abakuru b’ibihugu bafise akazi katoroshe gusumba kwemeza ivyashitsweko.

Nk’uko iyo nama yose yasa niyerekeye Uburundi, haracari amadidane kumenya igihe iza kurangirira, iyihe ngingo ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rizoba ryashitseko.

Amatati yo muri Sudan na yo bayakurikiranira hagufi.

Mu gihe ata kintu kigaragara akanama k’amahoro n’umutekano kashitseko kuri ayo matati, prezida w’ico gihugu Salva Kiir, ntiyitavye iyo nama mu gihe vyari vyitezwe ko bahura n’uwo bashamiranye Dr Riech Machar.

Si ubwa mbere uwo mukuru w’igihugu asiba mu nama yiga ivyerekeye igihugu ciwe.

Mu mwaka uheze, mu kwezi kw’icenda, prezida Kiir yarasivye inama y’abakuru b’ibihugu kw’isi, yariko iriga ikibazo c’amahoro.
Ibizoba vyavuye mu nama y’abo bakuru b’ibihugu biza kumenyekana kuri uyu mugoroba.

src : BBC