UBM News ads

Naho hari ikiza ca Coronavirus inkino zizobandanya, niko Reverien Ndikuriyo avuga

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, Reverien Ndikiuriyo yaraye amenyeshejeje ko amahiganwa yo mu mupira w’amaguru azobandanya naho hari ikiza c’umugera wa Coronavirus mu gihugu c’Uburundi.

Iyo ngingo ikaba yafashwe kuri uyu musi wa mungu aho umukuru wa FFF mu Burundi akongera akaba umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Reverien Ndikuriyo yabivuga.

“Inyuma yo kigirana inama n’umushikiranganji w’amagara y’Abantu ku bijanye n’ingeramizi za COVI-19, twabonye ko amahiganwa yobandanya ariko hakabandanya hakurikizwa ingingo zijanye n’isuku”,niko FFB yashize ahabona ejo ku musi wa mungu.

Igihugu c’Uburundi ni kimwe mu bihugu bikeyi cane bibandanya imirimo nk’uko vyamye naho hari ikiza c’umugera wa Coronavirus.

Mwomenya ko ibihugu vyinshi hirya no hino kwisi vyahagaritse inkino mpuzamakungu kubera ikiza ca COVID-19.

Ubu mu Burundi hakaba hamaze kumenyekana abantu bashika kuri batatu barwaye umugera wa Coronavirus.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments