UBM News ads

#COVID-19: Uburundi bwaranse ko amakamyo azana ibidandazwa aciye mu Rwanda yinjira

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uburundi bwaranse ko amakamyo azana ibidandazwa aciye mu Rwanda yinjira mu gihugu c’Uburundi kuva aho hatereye ikiza c’umugera wa Coronavirus.

Inyuma yo gufata iyo ngingo, leta y’Uburundi ntaco iragira imenyesha, ariko bikavugwa ko abatari bake bibahombesha na cane cane abatwara imizigo mu bihugu vya EAC.

Leta y’Uburundi ikaba yafahse iyo ngingo kubera ko kumbure bihsobora kugabanya ibijanye no gukwiragiza umugera wa COVID-19 mu gihugu c’Uburundi.

Leta y’Urwanda ikaba yarandikiye ibihugu vya EAC kuri iki kibazo c’Uburundi co kutareka ngo ibimodokari vy’imizigo ngo vyinjire mu Burundi.

Ibihugu vya EAC bikaba bivuga ko n’imiburiburi ibihugu vyoreka hakabandanya haba uguhanahana ibidandazwa kubera ko abanyagihugu bashobora kuhabonera.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments