#COVID-19: ‘Gushira Imana imbere’ mu kurwanya Coronavirus vyoba bihagije?

0

Mw’itangazo leta y’Uburundi yaraye ishize ahabona yasavye Abarundi kutagira bwoba cane kubera Coronavirus.

Leta kandi ibandanya isaba Abarundi kubandanya  ‘basaba Imana’ ko yoiafasha gutsinda uwo mugera utikije inganda mwisi yose.

Abihweza ibintu n’ibidi barabona ko ‘gushira Imana imbere’ bidahagije kubera ko n’imbere y’uko uwo mugera winjira mu Burundi havugwa ko Uburundi ‘bukingiwe n’Imana yabwo’.

Abandi babona nyabuna ko leta yoreka kwirengagiza ko abantu babandanya banduzanya mu gufata ingingo zikomeye nko ku bijanye no kwiyungutuza mu gisagara ca Bujumbura abantu bagenda bicaranyeko mu mabisi.

Ikindi abandi babona cokorwa uretse gusa ‘gushira Imana imbere’ ni gufata ingingo yo kubuza Abantu gusohoka hanze bidakenewe’ ariko ivyo bamwe babona ko bitokunda mu gihugu gikenye nk’Uburundi abantu benshi barya babanje kwiruka.

Hari abafuse ubwoba ko ukwo leta iriko ufata iki kiza bizohava bituma Uburundi bwisanga bwabaye nk’igihugu c’Ubutaliyano kuko naco bivugwa ko cijajaye cane maze cisanga umugera wa Coronavirus washwaye mu banyagihugu benshi cane, ubu hakaba hamaze gupfa abarenga 13 000 mu Butaliyano.

Hari nabavuga ko leta y’Uburundi irajwe ishinga cane n’amatora yo ku wa 20 Rusama 2020 aho kurazwa ishinga cane na COVID-19, ariko bikibukwa ko ata amatora yoba mu gihe umugera wakwiragiye mu bantu.

Weho n’ibiki wibaza vyokorwa kigira ngo leta y’Uburundi ifate nka kama ikibazo ca #Coronavirus?