Naho bamwe badashima ivyavuye mu matora, Ububiligi na USA basaba ‘gutekana’

0

Naho bamwe badashima ivyavuye mu matora, Ububiligi na USA basaba ‘gutekana’ maze bakirinda gusomborotsanya muri ibihe vy’amatora.

Muri rusangi, ibihugu vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ububirigi birashima uko amatora yagenze mu gihugu c’Uburundi ku wa 20 Rusama 2020.

Umushikiranganji wa Amerika w’imgenderanire n’ayandi makungu wa Amerika, Mike Pompeo, avuga ko ‘ashima uko Abarundi bitunganirije amatora yabo maze agaca asaba ko ‘botekana’.

Ububiligo nabwo bukamenyesha ko  bwiteguriye kunagura imigenderanire hagati yabwo n’Uburundi , ubucuti bwononekaye mu mwaka wa 2015 igihe haduka imyirekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Mw’itangazo yasohoye inyuma y’aya matora, Philippe Goffin, umushikiranganji w’imigenderanire w’Ububiligi n’ayandi makungu, avuga ko ayo matora ari intambwe ikomeye mu gutsimbataza intwaro ibereye mu Burundi.

Naho Rwasa Agathon avuga ko atazokwemera ibizova mu matora, CENI iyobowe na Pierre Claver kazihise ,yoyo ivuga ko itarabona neza ivyo Rwasa avuga ‘ko ari vyo’.

“Ibiharuro begeranya nivyo baba bakuye ku cegeranyo cavuye ku biro vy’itora.Rero ko vyoba bitandukanye, twebwe ntiturabibona. Aboba babibonye, bazoca babishikiriza sentare hanyuma nayo irabe koko ko bitandukanye”, niko pierre claver kazihise yavuze.

Ibiharuro vy’imfatakibanza vy’amatora bikaba vyitezwe gutangazwa mu ndwi iza ku wa kabiri.