#Amatora2020: Amakungu yose araba Kazihise Pierre Claver

0

Mu gihe umugwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi CENI umenyesha ko ubandanya uharura ivyavuye mu matora, ubu Abarundi bose hamwe n’amakungu araba uwuhagarariye CENI ariwe Kazihise Pierre Claver.

Mu biharirao bimaze kuja ahabona, biboneka ko umukandida wa CNDD-FDD aza imbere gose gusumvya umukeba wiwe, Agathon Rwasa, ku bice nka 70% ku bice 30%.

Amakungu n’abarundi rero barindiye ico KAZIHISE ashikiriza: Ahitemwo kuba imvugakuri canke kwotswa igitsure hama ashire ahabona ivyo aba na bariya bipfuza.

Rwasa Agathon aramaze kumenyesha ko atazokwemera ibivuye mu matora bizoshirwa ahabona na Pierre Claver Kazishise.

Rwasa akavuga ko azobandanya yitura inzego zibijejwe maze ahangane na CNDD-FDD kubera ko Rwasa yagiriza CNDD-FDD hamwe na CENI ‘kwiba amajwi y’abanywanyi biwe’.

Ni kurindira ico CENI izotangaza mu ndwi iza nk’itariki 26 Rusama ku biharura mfata kibanza vyavuye mu matora.