Pierre Claver Kazihise avuga ko nibasanga ivyegeranyo bidasa bashobora kwitwara

0

Ivyo yabivugiye kw’iradiyo y’igihugu RTNB iri m’urunani rw’ibimenyeshamakuru bikwirikirana amatora kur’uyu wagatandatu. Pierre Claver Kazihise, umukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora, avuga ko hariko harakorwa ibishoboka kugira ivyavuye mu matora bive ku rwego rw’intara CEPI kugira ruje ku rwego rw’igihugu CENI. Ivyo ngo bishobora kuba kur’uyu wagatandatu kuburyo kumusi w’Imana umurwi CENI ushobora kuvuga aho uzotanga ibiharuro mfata kibanza.

????????????????????????????????????

Ku kibazo naho ko ibiharuro vyo mu gisagara ca Bujumbura vyatevye kuboneka, Pierre Claver Kazihise, avuga ko ivyo bivana nuko amakomine agize igisagara ca Bujumbura ari manini kandi agizwe n’utuzu tw’amatora twinshi.

Ku kibazo naho ko ivyegeranyo vyatanzwe ku mbuga ngurukana bumenyi bidasa nibiriko biratangwa na CENI, Pierre Claver Kazihise, avuga ko abarorerezi bose batahanye ivyegeranyo vy’amajwi ko nibasanga bidahuye bazoca bitura sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwashingiro kugira ibatunganirize.