Mukike : Abitwaje inkoho bakoze igitero

0

Abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana bateye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu muri komine Mukike, zone Mayuyu, umusozi wa Ruzibazi.

Muri ico gitero, umugabo w’imyaka 29 azwi kw’izina rya BUKURU Alias batazira Budigoma yaragandaguwe n’abo bantu bitwaje inkoho.

Uwundi azwi kw’izina rya KARERWA Tony Alexis yarakomeretse ku kuboko, akaba ariko avirirwa kw’ivuriro ritoya rya Mayuyu.

mu giporisi bamenyesha ko amatohoza yatanguye kugira abakoze ico gitero bamenyekane.