Muganga Pie Masumbuko aragirizwa kuba yaragize uruhara mw’igandagurwa ry’abana ba Rwagasore

0

Ivyo biboneka k’urubuga ngurukana bumenyi rw’uwitwa Gergiana Mugisha FitzPatrick, aho yemeza ko muganga Pie Masumbuko ariwe yagandaguye abana babiri b’umuganwa Rudoviko Rwagasore, incungu y’ukwikukira. Umuganwa Rwagasore Louis akaba yari yubakanye na Marie Rose Ntamikevyo bakaba babanye imyaka ibiri imbere yuko Rwagasore Louis aryamira ukuboko kw’abagabo itariki 13/10/1961.

Muganga Pie Masumbuko bikavugwa ko yari umuganga adasanzwe yavura Prezida Michel Micombero yakuye intwaro yacami yongera agandagura n’umwami wanyuma w’Uburundi Ndizeye Charles inyuma yo kumuhirika k’ubutegesti.

Benshi rero bakaba bibaza igituma abana babiri babigeme b’Umuganwa Rudoviko Rwagasore bitavye Imana m’uryo budatahuritse, bakaba bitaba Imana bashitse kwa muganga. Marie Louis Ntamikevyo akaba yagiye kwitaba Imana mu mwaka wa 1973 mu mubabaro mwinshi. Gergiana Mugisha FitzPatrick yashize ahabona iyo nkuru akavuga ko abegereye uwo muryango wabuze bagiriza uwo muganga kuba yarabahekuye, ariko babivuga muntamatama kugutinya kugandagurwa.

Muganga Pie Masumbuko akaba yararonse amabanga menshi ku ntwaro ya Micombero mbere akaba yaciye ajanwa gukorera ishirahamwe mpuzamakungu OMS rijejwe amagara y’abantu aho yahavuye akukuruka ubu akaba yirira inoti z’iryo shirahamwe hamwe n’amatongo yaguze. Akaba atarashikiriza ico abivugako kur’ico caha gikomeye yagirizwa.