Sylvestre NTIBANTUNGANYA niwe azoyobora umurwi wa EAC ukurikirana amatora muri Tanzania

0

Uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, Sylvestre NTIBANTUNGANYA niwe azoyobora umurwi wa EAC ukurikirana amatora muri Tanzania aba muri kuno kwezi kwa cumi 2020.

Ivyo vyashizwe ahabona n’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko, irisanzwe kandi ryama rikurikirana amatora mu bihugu bigize EAC.

EAC ikavuga ko uwo murwi uzoshika mu gisagara ca Dar Es Salaam ku wa 23 Gitugutu 2020 mu gihe amatora azoba ku wa 28 Gitugutu 2020.

EAC ikaba ivuga ko abarorerezi mu matora y’igihugu ca Tanaznia bava muri ico gihugu batarimwo ariko ko hazokora abandi batava muri Tanzania.

EAC ikaba kandi yarakoze urugendo nk’urwo rwo kuza mu gihugu c’Uburundi mu gukurikirana amatora yo mu kwezi kwa Rusama 2020 mu Burundi naho bamwe bamwe batashimiye ivyavuye muri ayo matora.