Mu nyuma, ‘Reta mvyeyi’ yibutse Pascal Nyabenda…

0

Muri iyi misi iheze harabaye ivyiyumviro bitari bike biyumvira uko reta mvyeyi igiye gufata uwahoze ari Somambike wa Petero Nkurunziza, ariwe Pascal Nyabenda.

Inyuma yo gustindwa bikomeye mu matora y’abashingamateka mu ntara avukamwo ya Bubanza, vyaragaragaye ko kumbure reta ya Ndayishimiye yagomba kumwigiza inyuma maze agakurikira abandi basezerewe muri CNDD-FDD.

 

Ariko rero, ejo hahise niho reta mvyeyi ya Ndayishimiye yaraba maze ica isohora itegeko ry’umukutu w’igihugu rigena uwahoze arongoye Inama Nshingamateka ariwe Pascal Nyabenda mu mabanga yo kuba icegera ca kabiri c’umukuru wa Banki Nkuru y’igihugu c’Uburundi, BRB.

Iryo tangazo ryatangaje benshi maze barabona ko kumbure ‘reta mvyeyi’ yikubise agashi maze ikerekana ko itunganiriza bose ata mwana n’ikinono.

Mwe mubona ko ikibanza Pascal Nyabenda yahawe ari ikibereye uravye n’ico yahora afise mu nama Nshingamateka y’Uburundi?