UBM News ads

Impunzi hafi 600 zo mw’Ikambi y’i Mahama ziritezwe gutahuka kur’uyu wa kane

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Izo mpunzi zizoba zivuye mw’i kambi y’impunzi y’i Mahama zikazoshika isaha 2 na 3 z’agatondo ku mupaka wa Gasenyi-Nemba. Imyiteguro ikaba ari yose kuruhande rw’Uburundi n’Urwanda babifashijemwo n’ishirahamwe mpuzamakungu HCR rijejwe impunzi.

Iyo kambi ya Mahama ikaba irimwo impunzi zishika 71 000 z’abarundi bahungiye mur’ico gihugu c’Urwanda. Perezida Evariste Ndayishimiye akaba yarateye akamo izo mpunzi gutahuka bikureko iryo zina ry’i mpunzi. Izo mpunzi zikaba zahunze ku ntwaro ya Petero Nkurunziza mu mwaka wa 2015 aho haba impari zikomeye ku kiringo c’Umukuru w’igihugu. Ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kikaba arico cateye impari basomye ibwirizwashingiro n’amasezerano ya Arusha.

Perezida Petero Nkurunziza akaba yaritavye Imana mu kwezi kwa gatandatu amatoro ya mu kwezi kwa gatanu 2020 y’umukuru w’igihugu aheze. Coba arico gituma izo mpunzi zimwe zimwe zihisimwe gutaha canke bwoba arubuzima bugoye zirimwo mur’iyo kambi y’i Mahama ? Vyose birashoboka ariko abo 600 nihatagira ico baba kumutekano wabo n’abandi bazoca babandanya bataha.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments