Ibanki nkuru ya Républika y’Uburundi yarugaye amazu yo kuvunja amahera ava hanze

0

Iyo ngingo ikaba yafashwe kur’uyu wa gatanu aho ikete ry’uwurongoye iyo Banki nkuru ryasohoka rigakwiragizwa kumbuga ngurukana bumenyi. Iyo ngingo ikavuga ko amazu yose yo kuvunjiramwo amahera ava hanze nayasohoka ahawe gushika itariki 15 ruhuhuma azobe yugaye. Mu kurindira ayo mazu ategerezwa gukurako ivyapa vyayo guhera kur’uyu wa gatandatu.

Uwutwara iyo Banki nkuru, Jean Ciza, agasigura ko abatwara ayo mazu yo kuvunjiramwo batubahije ingingo yafashwe niyo banki yo kuvunja bakurikije ibiharuro babahaye kandi bagatanga n’urupapuro rwemeza ko bavunjije. Jean Ciza akamenyesha ko ubu hazokora gusa ibiro vy’amabanki ajejwe ubudandaji akaba ariyo ubu azovunja amahera avuye hanze canke yinjira.

Abantu rero batari bake bafise imiryango bakaba bagiye kuja mw’ibarabara mubushomeri. Umukuru w’Ibanki nkuru ya Républika y’Uburundi nawe akavuga mur’iryo kete ko ukuvanja amahera atandukanye hadakurikijwe ibiharuro bizwi vyatera ibibazo mu kigega ca Leta.