LIGUE ITEKA : Abantu 13 bagandaguwe abandi 10 barakomereka

0

Icegeranyo gisohoka ku ndwi c’ishirahamwe LIGUE ITEKA riharanira agateka ka zina muntu kivuga ko mu ndwi iheze, abantu cumi na batatu aribo bishwe, cumi na bane barakomereka, abandi nabo cumi baranyuruzwa. Iryo shirahamwe rimenyesha kandi ko abagera kw’ijana na mirongo itatu n’indwi banyurujwe. Ico cegeranyo cagiriza urwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD ko rufise uruhara muri ivyo bikorwa.

more

Nk’uko ico cegeranyo kibivuga, benshi muri abo bapfuye hamwe n’abakomeretse bahitanwe n’ibitero bitandukanye vyakozwe n’abantu bitwaje ibirwanisho, abandi bakaba bahitanwe n’ukwagirizwa uburozi.

Muri iryo shirahamwe bariyamiriza ingendo isigaye yibonekeza yo kwaka abanyagihugu uburenganzira bw’ugushikiriza ivyiyumviro, aho bakavuga abanyagihugu bafise umurwi baganiriramwo wo kuri whatsapp uzwi kw’izina rya RPA-Amakuru, baheruka gutabwa muri yompi, umunani muribo bakaba bari mu munyororo.

Abo bafashwe bagirizwa gutyoza inzego z’igihugu hamwe n’uguhungabanya umutekano w’Uburundi, ariko muri LIGUE ITEKA bakavuga ko iyo ngingo y’ukubata mu mvuto ibangamira uburenganzira bw’uguhanahana amakuru, ivyo bikaba biri uko mu gihe n’amaradiyo yaturiwe, inyuma y’igeragezwa ry’ugutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.