Leta zunze ubumwe z’Amerika zahagaritse gutanga impusha zo kwinjira murico gihugu ku barundi

0

Iyo ngingo ikaba yafashwe na Leta zunze ubumwe za Amerika kur’uyu wagatanu ivuye yuko Uburundi bwanse kwakira abarundi birukanywe murico gihugu ca Amerika. Ariko iyo ngingo ntiraba abarundi bagiye muri Leta zunze za Amerika bajanwe no kudandaza.

Leta zunze ubumwe za Amerika zikibaza ko inyuma y’iyimikwa ry’umukuru w’igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye ko ibintu bigiye guhinduka ariko iyo ngingo ikazogumaho gushika imigenderanire isanurwe n’ibiganiro bizoba kur’ico kibazo.

Leta zunze ubumwe za Amerika zikavuga ko zifise abarundi bashika batanu bafunzwe bakoze amakosa bagasabwa gusubizwa mu Burundi. Leta zunze ubumwe za Amerika zikibaza ico zizokoza abo barundi bafungiwe iwabo ica ifata ingingo yo kubarekura kuko batoguma bafunzwe imyaka yose, ingingo yafashwe na sentare ntahinyuzwa yo muri Leta zunze ubumwe za Amerika.

Ibihugu nka Gambie, Cambodge, Erythrée, Guinée na Sierra Leone navyo nyene vyarafatiwe ibihano kugira vyemere kwakira abanyagihugu bavyo birukanywe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.