Abakuru b’ibihugu vya EAC, Agathon Rwasa, Denise Bucumi Nkurunziza,…ntibitavye ibirori vyo kurahira kwa Ndayishimiye

0

Naho habaye ibirori vyo kurahiza Ndayishimiye i Gitega ejo ku wa 18 Ruheshi 2020, hari abategetsi bamwe bamwe batitavye ibirori vyo kurahira kw’umukuru w’igihugu c’Uburundi mushasha ariwe Evariste Ndayishimiye.

Mu batitavye ibirori vyo kwimika Ndayishimiye harimwo abakuru b’ibihugu vya EAC, Agathon Rwasa, Denise Bucumi Nkurunziza, hamwe n’bandi bategetsi bategerezwa kuba bahari…

Abihweza ibintu n’ibindi baribaza icatumye abo batetesgi ba EAC batashitse kuramutsa ‘mwenewabo’ agiye mu mabanga mashasha.

Bamwe bamwe baribaza ko kumbure abategetsi ba EAC boba batinye kwandura ikiza ca Coronavirus ubona ko igihugu c’Uburundi ata kintu kinini cakoze kugira ngo kigabanye ubwandu bwa Coronavirus(na rirya ubu mu Burundi abanduye uwo mugera bashika hafi 100).

Ku bijanye na Agathon Rwasa wewe biraboneka ko atitavye iryo yimikwa na cane cane ko yavuze ko amatora yashizeho Ndayishimiye yabayemwo ubusuma bwimonogoje.

Umupfakazi , Denise Bucumi Nkurunziza, nawe nyene akaba atabonetse kuri ivyo birori na cane cane ko akiriko aririra umufasha wiwe ariwe yahoze arongoye Uburundi, Petero Nkurunziza.