Leta Y’Uburundi Yikoze Ku Mahera Ya AMISOM Mu Kugabanya Ubukene Bw’Igitoro

0

Nkuko tubikesha Radio France Internationale, Leta y’Uburundi yamaze kugira commande y’igitoro cari kigize imisi cakenye mu gihugu cose ku miliyoni 12 z’ama euros( nk’amarundi imiliaridi zirenga 30) avuye mu milioni 23 z’ama euros, amafaranga aherutswe gutangwa n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya bwa mafaranga y’ibirarane ku Basoda b’abarundi bagiye gucungera amahoro muri Somalia AMISOM.

Nkuko iryo soko y’inkuru ibandanya ibimenyesha, ayo mahera azotuma Leta y’uburundi iba iramaze ukwezi ata ngorane z’igitoro zihari.Ayo mafaranga atanzwe mu gihe leta y’uburundi ihanganye n’ibibazo bijanye no kubura igitoro kubera ata mafaranga y’agaciro ahari( Devises).

Ayo mafaranga imiliyoni 23 z’ama euros Ubumwe Bwa Buraya buyasohoye inyuma y’umwaka uwo Muryango utumvikana na Leta y’uburundi uko Abo basoda bohembwa : Leta y’Uburundi igashimika ku vyuko ayo mahera y’abo basoda yoca muri Banki nkuru y’igihugu BRB), mu Gihe Ubumwe bwa Buraya bwobwo bwipfuza ko Abo basoda baronka ayo mafaranga yabo biciye ku makonte yabo bitarinze guca muri leta.

Mu nyuma, izo mpande uko ari zibiri zarumvikanye ku kuntu ayo mahera yotangwa. Ayo mahera akazotangwa biciye ku ma comte y’abo basoda yuguruwe muri Banki y’Ubudandaji y’uburundi( BANCOBU), ariko Leta Y’Uburundi ikaba itazosubira kuronkako ibice 20 kwijana( 20%) nkuko vyahora bigenda imbere y’aho.