Ishirahamwe Ry’Ubumwe Bwa Buraya Ntiryemera Igisabo Co Gukura Ibihano Ku Burundi.

0

Mu nama yo ku bisikanya ku burongozi bw’Umuryango w’Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko yabaye ejo ku musi wa mbere itariki 22 Rusama mu Gisagara ca Dar Es Salaam, muri Tanzania, Umukuru w’Igihugu ca Uganda Yoweri Museveni n’Umukuru w’igihugu ca Tanzania John Pombe Magufuri barasubiye gusaba ko Ishirahamwe Ry’Ubumwe bwa Buraya ko ryokuraho ibihano ryafatiye Uburundi.

Ariko naho abo bakuru b’ibibihugu babiri basavye ico gisabo Umuryango w’Ubumwe Bwa Buraya, Uwo Muryango w’ubumwe bwa Buraya waciye wamirira kure ico gisabo cabo co gukuraho ibihano vyafatiwe Uburundi. Iryo Shirahamwe ry’Ubumwe Bwa Buraya rikamenyesha ko ibihasno bitazovanwaho mu gihe uko ibintu vyifashe mu Burundi kudahindutse.

Ingorane Uburundi burimwo ubu haraheze imyakanibiri zavuye ku kuba Umukuru w’igihigu Pierre Nkurunziza yahisemwo gusubira kwitoza, ivyo abo batavuga rumwe babona ko ari kurenga ku masezerano ya Arusha hamwe n’Ibwirizwa-Shingiro.

Hari uwashimye kugira ico avuze kuri iyo ngingo Ubumwe bwa Buraya bwafashe ati: “Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ndarishimiye. Iyi ni intambwe nziza. Ubumwe bwa Buraya ntibutegerezwa gushigikira ikiringo ca kane mu kubandanya hakorwa Ubwicanyi mu burundi, maze Ubumwe bwa Buraya bwoba buhemukiye impunzi zirenga 450 000 zahunze igihugu kuva mu 2015 hatanguye amagume. Ubumwe bwa Buraya bwanse gushigikira intwaro yigungira ku butegetsi kandi y’umukazo. Ubumwe bwa Buraya ntibukwiye gutwarwa nico gisabo ca Museveni na Magufuri, maze bube burenze ku masezerano y’I Cotonou.”

Abandi baridoga bavuga ko nyabuna Ubumwe bwa Buraya bwokura ibihano ku gihugu c’Uburundi na rirya Umunyagihugu mutoya ariwe arwa mu mporero, na cane cane ubu ubukene butwikiriye abanyagihugu bashika ku 90% haba mu butunzi no bindi bisata vy’Ubuzima.