Amashirahamwe Afasha Impunzi Mu Buganda Nubu Yanse Gutanga Imfashanyo.

0

Inyuma y’aho habonekeye ko hibonekeje ubusuma mu bakozi b’amashirahamwe afasha impunzi mu Buganda bagirizwa kunyuruza imfashanyo, n’ubu amatohoza arabandanya kugira hamenyekane abanyuruje izo mfashanyo zijejwe gufasha impunzi. Mu Buganda hariyo impunzi z’Abarundi, abanya Sudani na Somaliya.

Ikinyamakuru Reuters kimenyesha ko Ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi ryamenyesheje ko abahora bafasha muri ico gikorwa co gufasha impunzi bahagaritse gushika ibitigiri vy’impunzi bisubiwemwo guharurwa neza muri ico gihugu c’Ubuganda, inyuma y’aho abategetsi bo muri ico gihugu bagirjwe ko baduza ibitigiri vy’impunzi kugira bironkere imfashanyo.

Amatohoza ariko arakorwa na leta ya Uganda, Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU hamwe n’Ubumwe bwa Buraya kubera imfashanyo bivugwa ko zibwe. Ayo matohoza ariko akorwa harabwe neza ko imfashanyo yari igenewe impunzi yoba yaragurishijwe, ko hoba haratanzwe ibiturire hamwe n’uko hoba hari utwana tw’udukobwa twagurishijwe ari impunzi.

Mu ndwi iheze, Leta y’ubuganda yari yakoze amatohoza ku batagetsi bayo kuri ivyo vyagiriji vyo kunyuruza izo mfashanyo z’impunzi mu kwihweza neza ko abakozi ba HCR na PAM boba barafadikanije n’abategetsi ba Uganda muri ukwo kunyonora imfashanyo igenewe impunzi, nk’uko Reuters ibandanya.

Igihugu c’Ubuganda kikaba cakiriye impunzi zishika umuliyoni 1,4, benshi muri bo barenga umuliyoni bakaba bava muri Sudani y’Epfo. Izindi mpunzi zikaba ziva mu bihugu vy’Uburundi( nka 50 000) na Republika iharanira Demokrasi ya Kongo( babandanya bajayo kubera intureka ziri mu buseruko bushira ubumanuko bw’ico gihugu).