Leta y’Uburundi Imenyesha Ko Amahoro Yabonetse, Impunzi Zitezwe Gutahuka.

0

Leta y’Uburundi imenyesha ko yiteze ko impunzi zishika 60 000 zitezwe guhunguka mu mwaka uza kubera ko imenyesha intureka za politike zatanguye kuva Ndamukiza 2015 zaheze. Ariko rero, abatavuga rumwe na Leta bobo bamenyesha ko ivyo leta ivuga bitaraba vyo kubera ko imimerere itaraba myiza na gato.

Mw’ijambo umwunganizi mu biro vy’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Terance Ntahiraja, yashikirije kw’iradiyo y’igihugu yamenyesheje ati: “Impunzi nyinshi ziramaze kubona ko zahunze ubusa kandi ko igihugu gitekanye”. Yamenyesheje ko abahungutse bahabwa imfungurwa z’amezi atatu hamwe n’izindi mfashanyo.

Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rimenyesha ko impunzi z’Abarundi zishika 400 000 zahunze Uburundi kuva muri Ndamukiza 2015, zikaba zahungiye mu gihugu ca Tanzaniya, Urwanda n’Ubuganda. Ariko ivyo bitigiri Leta ikaba itavyemera, maze ikamenyesha ko benshi bamaze guhunguka.

Leonce Ngendakumana, icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya-FRODEBU utavuga rumwe na Leta, wewe yamenyesheje ko ‘iyo mvugo ya Leta ko amahoro yagarutse ari ikinyoma’. Ngendakumana yabwiye ikinyamakuru Bloomberg ati: “ Mu bahungutse, bamwe muri bo baramaze gusubira inyuma mu makambi y’impunzi kuko babonye ko ivyo babwiwe ko amahoro n’umutekano atari vyo na gato…impamvu yatumye bahunga iracahari. N’ikidashoboka kuri bo gutahuka mu Burundi muri iki gihe”.

Mwomenya ko abaserukira Ishirahamwe rya ONU ryitaho impunzi mu Burundi HCR bataragira ico bavuze kuri uwo muhamagaro wa leta y’Uburundi uhamagarira Abarundi bahunze guhunguka.