Imiliyoni 3 Z’Amadolari Ku Bwo Gufasha Impunzi z’Abarundi Ziri Muri Tanzaniya.

0

Ishirahamwe Ry’Ubumwe Bwa Buraya ryatanze imfashanyo yiyongereye y’amafaranga angana n’imiliyoni zishika 3 z’amadolari y’Abanyamerika( hafi imiliyaridi 10 z’Amafaranga y’Amarundi) ku bwo gufasha impunzi z’Abarundi zahungiye muri Tanzaniya, nk’uko biboneka mw’itangazamakuru PANA ryabishize ahabona ku musi wa gatatu.

Iyo mfashanyo ikaba igenewe kugura ibifungurwa ku bw’impunzi z’Abarundi zishika hafi ibihumbi 250 000 ziba muri gihugu ca Tanzaniya mu makambi y’impunzi abo “inkenero z’ivya nkenerwa mu buzima zibandanya ziyongera kandi zihutirwa”.

Igihe izo mfashanyo zarekurwa ku bwo gufasha izo mpunzi zisanzwe zihanzwe n’igabanuka ry’ibifungurwa bitangwa na HCR, uwujewe ivyo gufashanya mw’ishirahamwe ry’ubumwe rya Buraya, Christos Styllianides, yamenyesheje ko iyo mfashanyo izotangwa yongere icungerwe neza n’Amashirahamwe asanzwe akorera aho mu gihugu ca Tanzaniya, maze bikazotuma impunzi zironswa ibifungurwa hamwe n’izindi mfashanyo nk’amazi meza no gufasha abantu usanga batishoboye baba mwayo makambi.

Ku bijanye n’uko Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rifasha igihugu c’Uburundi, iryo shirahamwe rirabandanya ryiyemeza ko imfashanyo itanzwe n’iryo shirahamwe ishikira abanyagihugu bari mu Burundi atawe irinze gucako. Ivyo vyose bikaba vyatumwe n’imigenderanire mibi iri hagati ya Leta y’Uburundi n’Ishirahamwee ry’Ubumwe bwa Buraya kuva mu mwaka wa 2015, aho iryo Shirahamwe ryahora ritanga gushika ku bice 50% ku mfashanyo y’igihugu c’Uburundi.